Nécrologie : Décès au Burundi de M. Sindakira Bonaventure |
Communiqués | |
@rib News, 25/02/2019 Faire-part de Décès 1. Umuryango w’umushingantahe SINDAKIRA Bonaventure uri n’umubabaro mwinshi wo kubikira incuti, ababanyi n’abagenzi, urupfu rw’umushingantahe SINDAKIRA Bonaventure rwabaye mu gitondo co ku musi w’Imana igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2019 muri Hôpital Prince Régent i Bujumbura. 2. Bimenyeshejwe Incuti, ababanyi n’abagenzi bari mu Burundi, Tanzania, Belgique na Canada. 3. Tuzomushingura ku musi wa gatatu igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2019 (Mercredi 27 Février 2019) inyuma y’Inkuka y’Imisa yo kumusabira no kumusezera izotangura isaha zitanu zo mu gitondo (11h00) mw’isengero ya Paroisse NYABIKERE mu ntara ya Karusi. 4. Amaziko azobera mwitongo ryabapfuye rya Zanandore Nyabikere hafi ya Paroisse. 5. Ikigandaro kizobera ku Mubanga umutumba Maramvya aho umuhisi yabaye gushika ashengere. Guca kumazi bazobibamenyesha hanyuma. 6. Umushingantahe SINDAKIRA Bonaventure ni umuvyeyi wa Prof Gahungu Mathias na Dusabimana Jeanine baba mu Bubirigi. 7. Tubaye turakengurukira abo bose baje kuduhoza n’abazoza kwifatanya natwe muri urwo rubanza rwo gushingurana iteka uwacu. Imana ibahezagire. ---------------------------------------------------- SINDAKIRA Bonaventure Gahungu Mathias et Dusabimana Jeanine Tél Mob : 0032 487 553 994 Whatsapp: 0032 465 310 291
|