Nécrologie : Décès au Burundi de M. Sindakira Bonaventure
Communiqués

@rib News, 25/02/2019 

Faire-part de Décès

1. Umuryango w’umushingantahe SINDAKIRA Bonaventure uri n’umubabaro mwinshi wo kubikira incuti, ababanyi n’abagenzi, urupfu rw’umushingantahe SINDAKIRA Bonaventure rwabaye mu  gitondo co ku musi w’Imana igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2019 muri Hôpital Prince Régent i Bujumbura.

2. Bimenyeshejwe Incuti, ababanyi n’abagenzi bari mu Burundi, Tanzania, Belgique na Canada.

3. Tuzomushingura ku musi wa gatatu igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2019 (Mercredi 27 Février  2019) inyuma y’Inkuka y’Imisa yo kumusabira no kumusezera izotangura isaha zitanu  zo mu gitondo (11h00) mw’isengero ya  Paroisse NYABIKERE mu ntara ya Karusi.

4. Amaziko azobera mwitongo ryabapfuye rya Zanandore Nyabikere hafi ya Paroisse.

5. Ikigandaro kizobera ku Mubanga umutumba Maramvya aho umuhisi yabaye gushika ashengere. Guca kumazi bazobibamenyesha hanyuma.

6. Umushingantahe SINDAKIRA Bonaventure ni umuvyeyi wa Prof Gahungu Mathias na Dusabimana Jeanine baba mu Bubirigi.

7. Tubaye turakengurukira abo bose baje kuduhoza n’abazoza kwifatanya natwe muri urwo rubanza rwo gushingurana iteka uwacu.

Imana ibahezagire.

----------------------------------------------------

SINDAKIRA Bonaventure  Gahungu Mathias et

Dusabimana Jeanine

Tél Mob : 0032 487 553 994

Whatsapp: 0032 465 310 291